Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 3:8
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, at’ Uhoraho Mana, mbega jewe n’inda n’indēsho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?


Ereg’ ukugira neza kwawe ni kwinshi, ukwo wabīkiye abakwubaha, Ukwo wagiriye abaguhungirako mu maso y’abana b’ abantu!


Umushumba wiwe, ati Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, arikw imyanya iracasigaye.


Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi.


Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Mbere jewe nd’ inyuma y’izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.


Ariko nk’uko handitswe, ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.


guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bgiwe bgiza mu banyamahanga, ako kanya sinagishije inama abafise inyama n’amaraso,


Kukw Iyashoboje Petero gutumwa ku bākebge, ari yo yanshoboje nanje gutumwa ku banyamahanga.


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.


Ni co gituma jewe Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebge abanyamahanga —


ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe:


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


namba mwarumvise ububgiriza bga bga buntu bg’Imana nahawe kubagaburira:


Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,


Kand’ Imana yanje izobamara ubukene bganyu bgose, nk’ukw itunga ry’ubgiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.


Ubgo butumwa nabushiriweho kuba umuvuzi wabgo n’intumwa n’umwigisha.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ