Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nimwasoma ibi rero, muzoshobora gutahura uguhishurirwa mfise kw’iryo banga rya Kristo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 3:4
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.


Arababgira, ati Mwebge mwāhawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana: arikw abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barābe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’ abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana.


Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.


itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,


yuko mu guhishurirwa nātiwe ibanga, nk’uko nabanje kwandika mu majambo make,


no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;


Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero.


Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza,


ni ryo banga ryari ryarahishijwe uhereye kera hose n’ibihe vyose, ariko noneho ryahishuriwe abera bayo,


kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,


kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngw Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe,


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Ariko bagumye ibanga ry’ukwizera, bafise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ