Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 yuko mu guhishurirwa nātiwe ibanga, nk’uko nabanje kwandika mu majambo make,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 kandi iryo ni ibanga nahishuriwe, nk’uko namaze kuvyandikako mu ncamake.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 3:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ngarutse i Yerusalemu, nariko ndasenga mu rusengero, mmera nk’ūrota,


Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.


Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


Numva mpambīrwa kwirata, naho bitagira ikimazi. Ariko ngira mvuge ivyo kwerekwa no guhishurirwa n’Umwami wacu.


kuko nanje ntābuhawe n’umuntu, kandi sinabgigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye.


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo.


yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.


no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;


Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza,


kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,


kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngw Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe,


Ariko bene Data, ndabahanūra, mwihanganire iri jambo ribahanūra, kuko mbandikiye amajambo make.


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ