Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 mugire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n’abera bose uburebure bg’ubgaguke n’ubg’ amakika n’ubg’ igihagararo n’ubg’ amajepfo ubg’ ari bgo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 mugire ubushobozi bubafasha gutahurira hamwe n’abandi bera b’Imana bose: ubwaguke, uburebure, uburebure bw’igihagararo n’ubw’amaja epfo bw’urukundo rwa Kristo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 3:18
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero, Uhoraho Mana, n’uhaguruke, winjire mu buruhukiro bgawe, wewe ubgawe n’isandugu y’ inkomezi zawe. Abaherezi bawe, Uhoraho Mana, bambare agakiza, n’abakunzi bawe banezererwe ivyiza vyawe.


Arikw imbabazi Uhoraho agirira abamwubaha zahereye kera hose, zikazoshitsa ibihe vyose, Kand’ ukugororoka kwiwe kuzoshitsa no ku buzukururuza babo;


Urupfu rw’abakunzi biwe N’urw’ igiciro mu nyonga z’Uhoraho.


Abaherezi bawe bambare ukugororoka; N’abakunzi bawe bavuze impundu.


Kumenya ben’ ukwo n’igitangaza ntobasha; Kuransiga, simbasha kugushikīra.


Uhoraho, ivyo waremye vyose bizogushima: Abakunzi bawe bazogushemagiza.


Mbere nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ ivyiyumviro vyanje vyītāngūye ivyiyumviro vyanyu.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Nta wogira urukundo ruruta urw’ uk’ umuntu yigura abakunzi biwe.


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.


Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebge, n’urukundo mukunda abera bose,


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu, n’urukundo mufitiye abera bose,


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ