Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 kugira ngo noneh’ abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mw’ishengero, abatware n’abafise ububasha b’ahantu ho mw’ijuru bamenye ubwenge butagira urugero bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 3:10
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: Mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe Kubangira ugutwi ijwi ry’ ijambo ryiwe.


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


Maze Mpwemu aranterura, numva inyuma yanje ijwi rihinda cane, rivuga, ng’ Ubgiza bg’ Uhoraho bushemagirizwe ahantu hiwe.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi,


ariko ku bahamagarwa, b’Abayuda n’Abagiriki, ni Kristo, ubushobozi bg’Imana, kandi n’ubgenge bg’Imana.


Ariko tuvugishwa n’ubgenge bg’Imana bgari bgaragizwe ibanga, bgari bgaranyegejwe, ubgo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu.


imushize hejuru cane y’ubukuru bgose n’ububasha bgose n’ubushobozi bgose n’ubgami bgose n’izina ryose rivugwa, si mur’ iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.


ni ryo mubiri wiwe, unengesereye ūnengesera vyose hose.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


ubgo yadusēsekarije mu bgenge bgose no kumenya:


Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.


kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.


Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose.


Kandi yambuye abakuru n’abafise ububasha, ibateterereza mu maso ya bose, ibashorera bafashwe mpiri kubg’ uwo musaraba.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ