Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 hamwe twari tugipfuye, twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo — ubuntu ni bgo bgabakijije —

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 2:5
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.


Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba.


Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.


Ariko twizeye yuko tuzokizwa n’ubuntu bg’Umwami Yesu nka bo.


Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese,


Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.


arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.


Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana;


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicumuro vyanyu n’ukudakebga kw’imibiri yanyu, yabagiranye bazima na we, imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose,


Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


Ubuntu bg’Umwami Yesu bubane n’abera. Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ