Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko mwibuke yuk’ ubga mbere, mwebge abanyamahanga ku rukoba, mwebge mucitwa abatākebge n’abo bitwa abākebge n’intoke ku mubiri,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Nuko mwibuke ko kera mwebwe Abanyamahanga mwitwa “abatakebwe” n’abo biyita “abakebwe” (bakebwe ku mubiri n’intoke z’abantu).

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 2:11
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aho ni ho muzokwibukira ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu vyose, ivyo mwihumanishije; nuko muzokwiyanka kubg’ ivyaha vyanyu vyose mwakoze.


Ni ho muzokwibukira ingeso zanyu mbi, n’ibikorwa vyanyu bitari vyiza; kandi muzokwiyanka urunuka, kubg’ ibigabitanyo vyanyu n’ibizira mwakoze.


Baramwishura, bati N’ukw ata waturaritse. Arababgira, ati Namwe ni mungīre mu ruzabibu.


Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite,


Non’ ūtākebge ni yitondera ibibgirijwe n’ivyagezwe, mbega kudakebga kwiwe ntikuzomuharūrwako nko gukebga?


Kand’ ūtākebge umubiri ni yitondera ivyagezwe, azogutsindisha, wewe ucumura ku vyagezwe, ufise inyuguti zavyo no gukebga.


Murazi yuko mukir’ injabuka mwakwegwa, mukaja ku bigirwamana bitazi kuvuga, nk’uko mwabikwegeweko.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Twebge mu kameremere kacu tur’ Abayuda, ntitur’ abanyavyaha bo mu banyamahanga.


Abagomba bose kwiha igikundiro ku vy’ umubiri ni bo babagōbēra gukebga; nta yindi nyanduruko, n’ukugira ngo ntibahamwe bahōrwa umusaraba wa Kristo.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco,


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.


Kandi muze mwibuke yuko mwari mu buja muri Egiputa, mwitondere ayo mabgirizwa, muyashitse.


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, jewe Uhoraho Imana yawe nagukūjey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye; ni co catumye jewe Uhoraho mbikugera kuziririza umusi w’isabato.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Muze mwibuke ingene mwarakije Uhoraho Imana yanyu muri mu bugaragwa, ntimuze muvyibagire; uhereye umusi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa, kugeza aho mwashikiye aha hantu, mwagiye mugarariza Uhoraho.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Namwe abāri bāratandukanijwe n’Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n’ivyo mwakoze bibi,


Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicumuro vyanyu n’ukudakebga kw’imibiri yanyu, yabagiranye bazima na we, imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose,


aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ