Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 2:10
58 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe.


Mbere nta c’ukugabitanya bakora, Bagendera mu nzira ziwe.


Ivyanje, Uhoraho ni we azobishitsa: Uhoraho we, imbabazi zawe zamah’ ibihe bidashira; Ntuhebe ibikorwa vy’amaboko yawe.


Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.


Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje!


kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ahahaye umugisha, ati Hahirwe Abanyegiputa abantu banje, n’Abashuri igikorwa c’amaboko yanje, n’Abisirayeli ishamvu yanje.


Arik’ ubgiwe n’abana biwe ni babona ivyo amaboko yanje akorera hagati muri bo, bazokwemera izina ryanje ko ryera; mbere bazokwemera Uwera wa Yakobo ko nera, bahindire agashitsi jewe Imana y’ Abisirayeli.


abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje.


n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.


Wibuke ivyo, yewe Yakobo, yewe Isirayeli, kuk’ ur’ umusavyi wanje. Ni jewe nakubumvye, ur’ umusavyi wanje: yewe Isirayeli sinzokwibagira.


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.


Arik’ ūkora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.


Kukw abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngw abe imfura muri bene Se benshi:


Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.


Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.


Kand’ iyaturoranije kubg’ ico nyene n’Imana, iyatugwatirije Mpwemu.


Kand’ Imana ishobora kubasāzako ubuntu bgose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose, mufise ibibahāgije muri vyose.


Kuko gukebga ata kimazi, no kudakebga nta kimazi, ikigira ikimazi n’icaremwe gisha.


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo


ubgansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bgo vya vyagezwe birimw’ amabgirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememw’ umuntu umwe musha, ngw azane amahoro artyo;


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu,


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.


Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?


Muze mujane inzira yose Uhoraho Imana yanyu yabarangiye, kugira ngo mubone kubaho, mumererwe neza, muze muhore muba mur’ ico gihugu mugiye kwegukira.


Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,


mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye:


ibirure mu mitima yanyu, iyikomeze mu gikorwa cose ciza, n’ijambo ryose ryiza.


ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


Kand’ ibikorwa vyiza na vyo n’uko, har’ ibiboneka; kandi n’ibitameze birtyo ntibishobora kunyegezwa.


kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga,


Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.


kugira ng’ umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,


Ubibutse kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose,


Kand’ abacu na bo ni bige kugumya gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngw abacu ntibabe ibirumbirane.


Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.


kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ ibikorwa vyiza,


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


ūvuga kw ahora muri we, akwiye na we kugenda nk’uk’ uwo yagenda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ