Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 1:6
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kiza ubugingo bganje inkota, Ico mfitiye igishika ugikize ububasha bg’imbga.


Kirisha ukuboko kwawe kw’i buryo, unyishure, Kugira ngw abo ukunda barokorwe.


Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora, Mbere n’abanyakibi na bo yabashizeho ngo babone umusi mubi.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje.


Nk’ukw isi ibaduka ibimeze, n’ indimiro imeza ivyayitewemwo, uko ni k’Umwami Uhoraho azomeza ukugororoka n’ishimwe imbere y’amahanga yose.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Abaje kw isaha cumi n’imwe bahabga idenariyo imwe‐imwe.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Igituma Data ankunda, n’uko ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra.


Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.


Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.


Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.


ni we ngwati y’umwandu tuzohabga, kugira ngw abo Imana yaronse ibacungure, ng’ubgiza bgayo bushimwe.


ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.


mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.


kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye,


Kand’ Imana yanje izobamara ubukene bganyu bgose, nk’ukw itunga ry’ubgiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ