Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 1:12
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Ndirahiye, ijambo ry’ukuri rivuye mu kanwa kanje ritazokwirahuruzwa, yukw amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizondahira.


Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.


Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.


icubahiro kibe icayo mw ishengero no muri Kristo Yesu, kugeza ku buzukuruza bose b’ibihe bitazoshira. Amen.


Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ