Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Uwo mugambi, Imana yashatse kuwushira mu ngiro igihe yashinze gishitse. Ni uwo kwegeraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ikabishira musi y’inganji ya Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 1:10
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’ umwungere arobanura intama mu mpene.


at’ Igihe kirashitse, ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.


Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.


Ariko ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’ umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’ Imana.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe, kand’ imuha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,


ubgansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bgo vya vyagezwe birimw’ amabgirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememw’ umuntu umwe musha, ngw azane amahoro artyo;


uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yītirirwa,


namba mwarumvise ububgiriza bga bga buntu bg’Imana nahawe kubagaburira:


kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.


kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ ivyo mw isi, ar’ ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.


aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


kukw Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza, kugira ngw abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


Uwo yamenywe n’Imana kera, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw iherezo ry’ibihe kubganyu,


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ