Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 9:9
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’ ahahera hejuru ku gicaniro habe amatambge ane; kandi hejuru ku gicaniro ahacanwa nyene haze hashingwe amahembe ane.


Uze wābīre ku maraso yaco, uyashire ku mahembe ukw ar’ ane y’igicaniro, no ku nkokora z’intera yaco ukw ari zine, no ku mubuga uyikikuje impande zose: uko ni k’uzogihumanura, ukagitangira impongano.


Nukw asohotse, aheze aje ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agitangirire impongano, yābīre ku maraso ya ya masa no ku ya ya mpene, ayasīge ku mahembe y’ico gicaniro impande zose.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


arikw ibinure, n’amafyigo, n’agashami gatoya k’igitigu vy’ico kimazi gitangiwe ivyaha, avyosereza ku gicaniro, nk’uk’ Uhoraho yari yarageze Mose.


Araheza akerera ikimazi co kwoswa; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose.


Kand’ akerera ya mpfizi y’inka na ya mpfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe gitangiwe abantu; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose;


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ