6 Mose aravuga, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko mukora, maz’ ubgiza bg’ Uhoraho burababonekera.
Nuko Aroni akirikw aravugana n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, bahindukiye babona mu bugaragwa ubgiza bg’ Uhoraho bgiyerekaniye muri ca gicu.
Ubgiza bg’Uhoraho buguma kur’ uwo musozi Sinayi, ico gipfungu kiwutwīkīra imisi itandatu; ku musi ugira indwi, Uhoraho ahamagara Mose n’ijwi rirenga ari mur’ ico gicu c’igipfungu.
Aho ni ho nzobonanira n’Abisirayeli; kand’ iryo hema rizokwezwa n’ubgiza bganje.
ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.
Maze Mose na Aroni binjira mw ihema ry’ ibonaniro, baraheza barasohoka, bahezagira abantu; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera abantu bose.
Nuko bazana ivyo Mose yageze imbere y’ihema ry’ibonaniro; ikoraniro ryose ryīgira hafi, rihagarara imbere yo Uhoraho.