5 Nuko bazana ivyo Mose yageze imbere y’ihema ry’ibonaniro; ikoraniro ryose ryīgira hafi, rihagarara imbere yo Uhoraho.
Nuko Dawidi akoraniriza Abisirayeli bose i Yerusalemu, kugira ngo baje kudūgana iyo sandugu y’ Uhoraho, bayishire ahantu hayo yayitunganirije.
Maz’ abantu bose iyo bava bakagera bakoranira icarimwe ku kibuga kir’ imbere y’irembo ry’ amazi, basaba Ezira, umunyabgenge w’ivyanditswe, ngw azane igitabo c’ivyagezwe vya Mose, bimwe Uhoraho yaha Abisirayeli.
Maze Mose akūra abantu aho bashagaje ngo baze gusanganira Imana; bahagarara musi y’uwo musozi.
n’impfizi y’inka n’impfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe, vyo gukererera imbere y’Uhoraho; bo n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo; kuk’ uyu musi Uhoraho agira abiyereke.
Mose aravuga, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko mukora, maz’ ubgiza bg’ Uhoraho burababonekera.
Muze mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana, n’abanyamahanga baba muri mwebge, kugira ngo bavyumve, bavyige, bubahe Uhoraho Imana yanyu, bitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe, babishitse;