Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.
Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.
Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.