23 Maze Mose na Aroni binjira mw ihema ry’ ibonaniro, baraheza barasohoka, bahezagira abantu; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera abantu bose.
Nuko Salomo arangije gusenga, umuriro utibuka uvuye mw ijuru, utōngōra ibimazi vy’ ukwoswa n’ibindi bimazi; ubgiza bg’Uhoraho bguzura iyo ngoro.
Nuko Aroni akirikw aravugana n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, bahindukiye babona mu bugaragwa ubgiza bg’ Uhoraho bgiyerekaniye muri ca gicu.
Mose yitegereza ivyo bākoze vyose, asanga barabiroranije; nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze, ni ko bābikoze: Mose arabahezagira.
n’impfizi y’inka n’impfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe, vyo gukererera imbere y’Uhoraho; bo n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo; kuk’ uyu musi Uhoraho agira abiyereke.
Mose aravuga, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko mukora, maz’ ubgiza bg’ Uhoraho burababonekera.
Ishengero ryose riraheza rivuga ko babicisha amabuye; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera Abisirayeli bose buri mw ihema ry’ibonaniro.
Kora akoraniriza ishengero ryose ku muryango w’iryo hema kubarwanya. Maz’ ubgiza bg’ Uhoraho bubonekera iryo shengero ryose.
Maz’ iryo shengero rikoraniye kurwanya Mose na Aroni, bagize ngo bararāba ihema ry’ibonaniro, babona ca gicu kiritwikiriye, ubgiza bg’Uhoraho buraboneka.