14 Aronga amara yaco, n’ibikenye vy’amaguru, aravyosa, abigeretse ku vy’ico kimazi coshejwe kiri ku gicaniro.
Ntimuze muzirye mbisi, canke zitetse, shiti zitaze; hamwe n’umutwe wawo n’ibinōno n’ivyo mu nda.
Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
Maze bamuhēreza ivy’ ico kimazi, bamuha ibice vyaco kimwe‐kimwe bo n’ umutwe waco, avyosereza ku gicaniro.
Maz’ azana ibimazi abantu batanze; yābīra impene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, arayikerera, ayitanga kubg’ ivyaha, nk’uko yatanze ca kimazi ca mbere.