13 Maze bamuhēreza ivy’ ico kimazi, bamuha ibice vyaco kimwe‐kimwe bo n’ umutwe waco, avyosereza ku gicaniro.
Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.
bene Aroni abaherezi bagereke ivyo bikenye n’umutwe n’ibinure ku nkwi ziri ku muriro kur’ ico gicaniro;
Araheza akerera ikimazi co kwoswa; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose.
Aronga amara yaco, n’ibikenye vy’amaguru, aravyosa, abigeretse ku vy’ico kimazi coshejwe kiri ku gicaniro.