Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Yambika Aroni ya kanzo, amukenyeza wa mukanda, amwambika na wa mwinjiro, amushirako na efodi, amukenyeza na wa musipi wa efodi ujishwe n’ abahinga, awuyifatishiriza kuri we;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:7
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uz’ ujishishirize Aroni mukurwawe imyambaro, iz’ ibe iyejejwe, yo kumutera icubahiro no kumushariza.


Iyi abe ari yo myambaro bazojisha: umupfuko wo kwambara mu gikiriza, n’umwambaro witwa efodi, n’umwinjiro, n’ikanzo y’insobane, n’igitambara co kuzingīra mu mutwe, n’umukanda: nuko baze bajishire Aroni mukurwawe n’abana biwe imyambaro iz’ ibe iyejejwe, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Umwambaro witwa efodi baze bawujishishe intahe z’izahabu, n’ inyuzi z’amasufe, n’iz’ amashigisha, n’izisa n’agahama, n’izera derere nziza zihinzwe neza, ujishwe n’ abahinga bavyo.


Wābīre ya myambaro, uheze wambike Aroni ya kanzo, na wa mwinjiro wo kwambarirwako efodi, umwambike na efodi nyene, na wa mupfuko wo kwambarwa mu gikiriza, umukenyeze na wa musipi wa efodi ujishwe n’abahinga;


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Abaherezi iyo binjiye ahēra, ntibaze baveyo ngo baje mu ntangaro, badasizey’ imyambaro yabo y’ubuherezi, kukw ar’ iyera; ariko bambare iyindi myambaro, babone kwegerana n’abantu.


Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


kuko mwese ababatirijwe kuba aba Kristo mwanbaye Kristo.


Ngo Ntiyamutoranije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw abe umuherezi wiwe, aje ku gicaniro ciwe, yose imibavu, yambare efodi imbere yiwe? Ngo Kandi ntiyahaye inzu ya sogokuruza ibimazi vyose Abisirayeli batanga vyo gutongorwa n’umuriro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ