Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Mose araheza azana Aroni n’abana biwe, arabuhagira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzokaraba mu kudacumura, Ni ho nzobona gukikuza igicaniro cawe, Uhoraho;


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Kandi Aroni n’abana biwe uz’ ubazane ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ubūhagirireho.


Aroni n’abana biwe az’ abe ari ho bahora bakaraba, boge ibirenge.


Iyo bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, baze bakarabe, boge, kugira ngo ntibapfe, n’iyo bagiye kwegera igicaniro guhereza, ngo banyosereze ibimazi bitōngōrwa n’umuriro.


Uheze uzane Aroni n’abana biwe ku muryango w’iryo hema ry’ibonaniro, ubuhagire.


Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi,


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare.


Mose abarira iryo koraniro, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko bikorwa.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ