36 Nuko Aroni n’abana biwe babikora vyose, uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.
Mose yitegereza ivyo bākoze vyose, asanga barabiroranije; nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze, ni ko bābikoze: Mose arabahezagira.
Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.
Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.
Amwambika na ca gitambara mu mutwe; imbere kur’ ico gitambara agishirako ka kabāte k’izahabu, ari co gitsibo cera; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli;
Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.
Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.
Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.