34 Uko bikozwe uyu musi, ni k’Uhoraho yageze ko bizokorwa mu kubatangira impongano.
Ntimuze mutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kumara imisi ndwi, gushitsa ah’ imisi yanyu yo gushikirizwa iryo bango izoshirira: kuko muzomara imisi ndwi murishikirizwa.
Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.
atāhawe ubuherezi n’uko vyashinzweho n’ivyagezwe vyo mu buryo bg’abantu, ariko yahawe ubushinzwe n’ubushobozi bg’ubugingo budashobora gukūrwaho.
atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.