Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:30
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uz’ ujishishirize Aroni mukurwawe imyambaro, iz’ ibe iyejejwe, yo kumutera icubahiro no kumushariza.


Wābīre ku maraso yo ku gicaniro, no kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, ubicucagire Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo; nukw azoba yejejwe, bo n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’ imyambaro yabo.


Kand’ uz’ uyasuke no kuri Aroni no ku bana biwe, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Uwo ni wo mwanya wa Aroni n’abana biwe bashinguriwe ku bimazi bishikaniwe Uhoraho bigatōngōrwa n’umuriro, bāgerewe uhereye umusi barobanuriwe kuba abaherezi bo gukorera Uhoraho;


Uhoraho yashinze yukw Abisirayeli bazohora babaha uwo mwanya, uhereye ku musi barobanuriweko; uzoba umuturi wabo ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.


Ayo ni yo mazina ya bene Aroni, abaherezi bāsutswekw amavuta yo kubarobanura, bagashikirizwa ibango ry’ ubuherezi.


Kuk’ uweza n’abezwa bose bākomotse kur’ Imwe: ni co gituma atagira isoni zo kubīta bene Se,


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebge, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk’uk’ ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kand’ ar’ukw’ ukuri, atar’ ibinyoma, kandi nk’uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ