Nukw iryo koraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, bo n’abaherezi n’ Abalewi, n’ikoraniro ryose ryavuye i Bgisirayeli, n’abari baravuye mu gihugu c’i Bgisirayeli bakaza kuba i Buyuda.
Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’ Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.
ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;