Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:21
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Ntimuze muzirye mbisi, canke zitetse, shiti zitaze; hamwe n’umutwe wawo n’ibinōno n’ivyo mu nda.


Uheze wosereze ivy’ iyo ntama vyose ku gicaniro: kizoba ar’ ikimazi noserejwe, jewe Uhoraho, n’umubabge umota neza, ikimazi nshikaniwe, gitōngōwe n’umuriro.


Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Mose araheza azana bene Aroni, abambika amakanzo, abakenyeza imikanda, abapfundika n’udukofero; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Amwambika na ca gitambara mu mutwe; imbere kur’ ico gitambara agishirako ka kabāte k’izahabu, ari co gitsibo cera; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ