18 Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.
Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.
Mose arayikerera, amijagira amaraso yayo ku gicaniro impande zose.
ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;
Azana n’ikimazi co kwoswa, agitanga nk’uko vyagezwe.