Abaherezi b’ Abalewi, bo mu ruvyaro rwa Sadoki, ari bo bampora hafi ngo bankorere, uz’ ubahe imasa y’umukangara, ibe ikimazi gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Uze wābīre ku maraso yaco, uyashire ku mahembe ukw ar’ ane y’igicaniro, no ku nkokora z’intera yaco ukw ari zine, no ku mubuga uyikikuje impande zose: uko ni k’uzogihumanura, ukagitangira impongano.
ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;