Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndagushikanira ibimazi vyoshejwe vy’amatungo avyibushe, N’umubabge w’amapfizi y’ intama; Ndashikana amamasa bo n’ impene. Sela.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Abaherezi b’ Abalewi, bo mu ruvyaro rwa Sadoki, ari bo bampora hafi ngo bankorere, uz’ ubahe imasa y’umukangara, ibe ikimazi gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Uze wābīre ku maraso yaco, uyashire ku mahembe ukw ar’ ane y’igicaniro, no ku nkokora z’intera yaco ukw ari zine, no ku mubuga uyikikuje impande zose: uko ni k’uzogihumanura, ukagitangira impongano.


Umusi azosubira gushika ahēra, agashika mu nyubakwa, akaja ahēra ngw ahereze, az’ atange ikimazi co kubgiwe gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.


Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa.


Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe.


Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.


ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;


Maz’ Abalewi barambike ibiganza mu ruhanga rw’ ayo mamasa, uheze utange imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, iyindi kw ikimazi co kwoswa, bibe ivyo nshikaniwe jewe Uhoraho, kw impongano y’Abalewi.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ