Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Mose araheza azana bene Aroni, abambika amakanzo, abakenyeza imikanda, abapfundika n’udukofero; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:13
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abaherezi bawe bambare ukugororoka; N’abakunzi bawe bavuze impundu.


Wambike Aroni ya myambaro yejejwe, umurobanuze ayo mavuta, umweze, kugira ngw ankorere igikorwa c’ubuherezi.


Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Ariko mweho muzokwitwa abaherezi b’Uhoraho, abantu bazobita abasavyi b’Imana yacu: muzorya itunga ry’abanyamahanga, ivyār’ icubahiro cabo ni mwebge muzovyirata.


Abaherezi iyo binjiye ahēra, ntibaze baveyo ngo baje mu ntangaro, badasizey’ imyambaro yabo y’ubuherezi, kukw ar’ iyera; ariko bambare iyindi myambaro, babone kwegerana n’abantu.


Nuko bīgira hafi, babaterura mu makanzo yabo, uko bakayambaye, babajana inyuma y’aho bashagaje, nk’uko Mose agize.


Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.


ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ