Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 8:12
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bimeze nk’amavuta ya elayo y’igiciro kinini yasutswe ku mutwe, Agashororokera mu bganwa, Mu bganwa bga Aroni, Agashororokera ku misozo y’impuzu ziwe.


Iyo myambaro yose uz’ uyambike Aroni mukurwawe, bo n’abana biwe, ubasukekw amavuta, ubashikirize iryo bango, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Maze wābīre amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyamusuke mu mutwe, uyamurobanuze.


Kand’ uz’ uyasuke no kuri Aroni no ku bana biwe, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Kandi ntimutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: kukw amavuta y’Uhoraho mwarobanujwe akiri kuri mwebge; nuko babigenza nk’uko Mose avuze.


namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Uhoraho yashinze yukw Abisirayeli bazohora babaha uwo mwanya, uhereye ku musi barobanuriweko; uzoba umuturi wabo ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ