Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.
Kand’ imyambaro yejejwe ya Aroni izoba n’iy’ abana biwe bazomusubirira mu gishingo: baze bayambare mu gihe basukwakw amavuta yo kubarobanura mu gushikirizwa iryo bango.
Uko ni ko barangije gukora ivy’ iryo hema vyose, ari ryo hema ry’ibonaniro; Abisirayeli bākoze vyose, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose: uko ni ko bābikoze.
ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;