Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nk’uko bigenzwa ku kimazi gitangirwa ivyaha, ni ko bigenzwa no ku kimazi c’impongano: icagezwe cavyo ni kimwe: umuherezi ahereje iyo mpongano, ni we kizoba iciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:7
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw amahera y’ibimazi vy’impongano n’ay’ ibimazi bitangirwa ivyaha, yo ntiyashirwa mu ngoro y’Uhoraho, yaba ay’ abaherezi.


Bukeye Hazayeli umwami w’i Siriya aradūga, atera i Gati, ahagira ahiwe; maze yiteguye kudūga ngw atere i Yerusalemu na ho,


akererere iyo suguru y’intama aho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha bo n’ikimazi co kwoswa, ahantu hēra: nk’ukw ikimazi co gutangirwa ivyaha ar’ umuturi w’umuherezi, ni ko n’ ikimazi c’impongano kiri: n’icera cane.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano.


Kand’ umuherezi ahereje ikimazi c’umuntu uw’ ari we wese co kwoswa, uwo muherezi nyene az’ abe ari we atwara urusato rw’ico kimazi coshejwe atanze.


Ariko nyene kugirirwa nabi, namb’ ata mwene wabo wo hafi yasize, yokirihwa, indihano ya wa wundi yatsinzwe iz’ ibe iyanje Uhoraho, ihabge umuherezi, ayigerekekw impongano y’impfizi y’intama, bayimutangirekw impongano.


Murābe Abisirayeli ku rukoba: abarya ikimazi, mbega ntibasangira n’igicaniro?


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ