Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Kuko ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, mbishinguye ku bimazi vy’Abisirayeli vy’ishimwe, mbihaye Aroni umuherezi, n’abana biwe, kuba umuturi bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:34
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi wābīre inkoro y’iyo mpfizi y’ intama yo kwinjiza Aroni mur’ iryo bango, uyizunguze, ibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje; iyo izoba umwanya wawe.


Aroni n’abana biwe ubakenyeze imikanda, ubambike na twa dukofero: maze bazoba begukiye ubuherezi, kibe icagezwe c’intahava: ushikirize Aroni n’abana biwe iryo bango.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Uwo muri bene Aroni azohereza amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe, az’ abe ari we ahabga igikenye c’ukuguru kw’i buryo kuba umwanya wiwe.


Umugabane wose uzoshingūrwa ku vyēra vyose Abisirayeli bashikana, bazanira umuherezi, uz’ ube uwiwe.


Umuherezi abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje, jewe Uhoraho; ivyo n’ivyera bizotwara umuherezi, hamwe na ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi nyene. Ivyo birangiye, uwo Munaziri abone kunywa vino.


Aroni aheze atange Abalewi kw ishikanwa rijungujwe imbere yanje, rishikanywe n’Abisirayeli, babe abo gukora igikorwa canje, jewe Uhoraho.


Uyu az’ abe ari wo uba umwanya w’abaherezi abantu bakwiye kuzohora babakūrira: ūtanze ikimazi, ar’ inka cank’ intama, az’ ahore akūrira umuherezi igikenye c’ukuboko, n’imisaya yompi, n’ umushīshīto.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ