Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Kand’ igikenye c’ukuguru kw’i buryo muze mugihe umuherezi, kibe umwanya wiwe, mugikūye ku kimazi mutanze c’ishimwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:32
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ uz’ urobanure ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, co kuzunguzwa nyene, gishinguwe kuri ya mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, ari vyo bigerewe Aroni n’abana biwe.


Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye.


Uwo muri bene Aroni azohereza amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe, az’ abe ari we ahabga igikenye c’ukuguru kw’i buryo kuba umwanya wiwe.


Kuko ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, mbishinguye ku bimazi vy’Abisirayeli vy’ishimwe, mbihaye Aroni umuherezi, n’abana biwe, kuba umuturi bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose.


izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.


Umugabane wose uzoshingūrwa ku vyēra vyose Abisirayeli bashikana, bazanira umuherezi, uz’ ube uwiwe.


Umuherezi abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje, jewe Uhoraho; ivyo n’ivyera bizotwara umuherezi, hamwe na ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi nyene. Ivyo birangiye, uwo Munaziri abone kunywa vino.


Uyu az’ abe ari wo uba umwanya w’abaherezi abantu bakwiye kuzohora babakūrira: ūtanze ikimazi, ar’ inka cank’ intama, az’ ahore akūrira umuherezi igikenye c’ukuboko, n’imisaya yompi, n’ umushīshīto.


Nuk’ uwo musuku azana igikenye c’ukuguru n’inkenyūre zaco, agitereka imbere ya Sauli. Maze Samweli aravuga, at’ Ehe ngibi ivyo wateguriwe; shirak’ ufungure, kukw ari wewe wabiteguriwe gushitsa iki gihe cāshinzwe, kugira ng’ usangire n’ abandi bāhamagawe. Nuk’ uwo musi Sauli asangira na Samweli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ