28 Uhoraho abarira Mose,
Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.
Umuntu wese azobugeza mu kanwa, ubg’ ari bgo bgose, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
ati Barira Abisirayeli, ut’ Ūzompa ikimazi c’ishimwe, az’ anshikanire ishikanwa arikūye kur’ ico kimazi ciwe c’ishimwe nyene.
Uhoraho abarira Aroni, ati Rāba ndakujēje amashikanwa ngerewe; ivyo Abisirayeli bazorobanura vyose ni wewe mbihaye, mwe n’abana bawe, kuko mwarobanujwe amavuta, ngo bibe umuturi wanyu w’ibihe vyose.
Maz’ umuherezi yābīre igikenye c’ukuboko kwa ya mpfizi y’intama gutetse, n’agatsima kamwe katambiwe akūye muri za ndumane, n’akandi gatsima kamwe kabēhūye, katambiwe nyene, abishire ku mashi y’uwo Munaziri, amaze kwimosha ubunaziri bgiwe.