Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kuk’ ūzorya wese ku binure vy’ibitunzwe, kand’ ari vyo abantu batangakw ibimazi banshikanira vyo gutongorwa n’umuriro, umuntu azoramuka abiriyeko az’ acibge mu bgoko bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:25
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.


Uheze ubikūre ku mashi yabo, uvyosereze ku gicaniro, ubigeretse kuri ca kimazi coshejwe, bibe umubabge umota neza imbere yanje, jewe Uhoraho: ico kizoba ar’ ikimazi nshikaniwe gitōngōwe n’umuriro.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Arikw ibinure vy’ iyipfiriye, cank’ ivy’ ikirangara, vyoshobora gukoreshwa igikorwa kindi cose: ariko ntimuze mubiryeko na gatoya.


Ntimuze mwigere mugeza ubuseri mu kanwa mu ngo zanyu zose, ar’ ubg’ ibiguruka, cank’ ubg’ ibitunzwe, cank’ ubg’ ibikōko.


Umuntu wese azobugeza mu kanwa, ubg’ ari bgo bgose, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ