Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Arikw ibinure vy’ iyipfiriye, cank’ ivy’ ikirangara, vyoshobora gukoreshwa igikorwa kindi cose: ariko ntimuze mubiryeko na gatoya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:24
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.


Muzoba abantu b’abagabo nirobanuriye; kandi ntimuze murye ku nyama z’ikirangara kiri mu gahinga, iz’ ari zo zose, ariko muze muziterere imbga.


Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.


Abaherezi ntibakagire icipfiriye na kimwe bazorya, cank’ ikirangara, ar’ ico mu biguruka canke mu bitungwa.


Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.


Icipfiriye cank’ ikirangara, ntaz’ agire ico arya muri vyo ngw acihumanishe: nd’ Uhoraho.


Kuk’ ūzorya wese ku binure vy’ibitunzwe, kand’ ari vyo abantu batangakw ibimazi banshikanira vyo gutongorwa n’umuriro, umuntu azoramuka abiriyeko az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ntihaze hagire ikintu na kimwe cīpfiriye murya; ariko mushobora kugiha uwo mu nyambukīra aba i wanyu, akaba ari we akirya; canke mushobora kukigura n’umunyamahanga; ariko mweho mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’ impene amata ya nyina.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ