20 Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.
Umuntu wese azovanga āhwanye na yo, canke ngw ayasuke k’ūtar’ umuherezi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.
Umuntu wese azokera īhwanye na yo, ngw az’ ayīmotereze, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.
Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?
Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo.
kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.
Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.
Ni hagira inyama zikora ku kintu gihumanya ntizize ziribge, ariko ziturirwe. Umuntu wese adahumanye ni we yemererwa kurya ku nyama z’ico kimazi.
Kuk’ ūzorya wese ku binure vy’ibitunzwe, kand’ ari vyo abantu batangakw ibimazi banshikanira vyo gutongorwa n’umuriro, umuntu azoramuka abiriyeko az’ acibge mu bgoko bgabo.
Umuntu wese azobugeza mu kanwa, ubg’ ari bgo bgose, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese, ntiyihumanuze, azoba ahumanije ihema ryanje, jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli. Kw azoba atāmījwekw ayo mazi ahumanura, azoba agihumanye: azoba akirik’ ubuhumane bgiwe.
Arik’ umuntu yibaze ukw ameze, abone kurya kur’ uwo mutsima, no kunywera kur’ ico gikombe.
Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.