Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ni hagira inyama zikora ku kintu gihumanya ntizize ziribge, ariko ziturirwe. Umuntu wese adahumanye ni we yemererwa kurya ku nyama z’ico kimazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:19
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūzokora ku nyama zaco wese azoba abaye uwera, abe inyegu yaco, kandi ni hagira umwambaro wose utarukirwako n’amaraso yaco, uwo mwambaro yatarukiyeko baze bawumesurire aho hantu hēra.


Ariko ni haramuka hagize inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe ziribga ku musi ugira gatatu, ntikizoba kicemerwa, uwagitanze ntikizoba kikimuharūrwako: kizoba kibaye ikizira, ūkiriyeko azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.


Ndabizi, kandi nemejwe neza n’Umwami Yesu, yukw ata gihumanya ubgaco; shit’ uwiyumvira kw ikintu gihumanya, ni we cohumanya.


ntimusenyure igikorwa c’Imana kubg’ ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ