17 Arikw inyama z’ico kimazi ni zashika ku musi ugira gatatu, zize ziturirwe.
Ku musi ugira gatatu, Aburahamu atuma amaso, abona aho hantu hakiri kure.
Ntimuze mugire ico musiga ngo kirāre: hagize ikirāye mugiturire.
umusi ugira gatatu uz’ ushike bīteguye: kuko jewe Uhoraho ku musi ugira gatatu nzomanuka nze kur’ uyu musozi Sinayi imbere y’abantu bose.
Arikw inyama z’iyo masa, n’urusato rwayo, n’amayezi yayo, ubituririre inyuma y’insago: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.
Izo nyama z’ico kimazi cabinjije mw ibango, cank’ imitsima, ni haramuka hagize igisigara, kikarāra, uz’ ugiturire: ntikize kiribge, kukw ar’ icera.
Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.
Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza,
Umusi mugitanzeko abe ari wo kirīrwako nyene, bo na bukeye bgaho; ariko ni hagira ikizoshitsa ku musi ugira gatatu, kize giturirwe.
Kandi ni caribgako na gatoya ku musi ugira gatatu, kizoba ar’ ikizira: ntikizokwemerwa;
agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;