Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Arikw ico kimazi ashikanye, ni caba ico gushitsa isezerano, cank’ ico ashikanye kukw avyigombeye, kize kiribge ku musi agitanzeko; izizorāra kuri co zize ziribge bukeye bgaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:16
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje, Mbere nzoyashitsa mu maso y’abantu biwe bose.


Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje; Mbere nzoyashitsa mu maso y’abantu biwe bose;


Ndinjirana ibimazi vyoshejwe mu ngoro yawe, Ndagushitsakw amasezerano yanje,


Nukw abagabo n’abagore bose b’Abisirayeli bemejwe n’imitima yabo kugira ico bazana cose co gukoresha igikorwa Uhoraho yabariye Mose gukora, babizanakw amashikanwa avuye ku mitima ikunze, babishikanira Uhoraho.


Ati Nari nsanzwe nkwiye gutanga ikimazi c’ishimwe: Non’ uyu musi nashikije ivyo nasezeranye.


Kandi segaba, igihe azotanga ikimazi avyigombeye, ar’ ikimazi co kwoswa cank’ ar’ ibimazi vy’ishimwe, abitanze k’Uhoraho avyigombeye, haze hagire ūmujishurira ikirimba kirābana n’i burasirazuba, atange ikimazi ciwe co kwoswa n’ibimazi vyiwe vy’ishimwe, nk’ukw asanzwe abikora ku musi w’isabato, aheze agende; amaze kugenda hagire ūjisha ico kirimba.


Ishuri cank’ umwana w’intama, hagize igifise urugingo rutareha n’izindi, umuntu aremererwa kugitanga kw ishikanwa ashikanye avyigombeye; ariko nticokwemerwa kuba ishikanwa ryo gushitsa isezerano yasezeranye.


Kandi ni mwampa ikimazi co gukenguruka, mugitange uburyo butuma mwemerwa.


kand’ ivyo ntibikwiye kubabuza kwitondera amasabato yanje, canke gushikana amashikanwa yanyu, canke gushikana ayo gushitsa amasezerano yose mwasezeranye, canke kunshikanira ivyo mutanze vyose muvyigombeye.


Rāba ku misozi ibirenge vy’ ūzanye inkuru nziza, akāmāmaza ivy’ amahoro! Buyuda we, ni witondere imisi mikuru yawe, ushitse amasezerano yawe: kuk’ umunyakibi atazosubira guca hagati muri wewe: arahenebereye rwose.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


maz’ ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, az’ abe ari ho mujana ivyo mbagera vyose; ibimazi vyanyu vyo kwoswa, n’ ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ ivy’ indobanurwa vyo gushitsa amasezerano mwasezeraniye Uhoraho;


Arikw ibigiracumi vyo mu masaka yanyu n’ivya vino zanyu n’ivy’ amavuta yanyu ya elayo, n’iz’ uburiza bgo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu, n’ico muzanye gushitsa isezerano ic’ ari co cose, n’ivyo muzotanga muvyigombeye, n’amashikanwa muzoba mumugereye, ivyo vyose ntimuze mubirīre i muhira.


Mugabo, ivyera mushikana, bo n’ivyo mushikisha amasezerano, muze mubijane ha hantu Uhoraho azoba yātoranije;


Kand’ az’ abe ari ho mujana ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ayo gushitsa amasezerano, n’ayo mutanga muvyigombeye, n’iz’ uburiza zo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ