Abalewi 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)16 Arikw ico kimazi ashikanye, ni caba ico gushitsa isezerano, cank’ ico ashikanye kukw avyigombeye, kize kiribge ku musi agitanzeko; izizorāra kuri co zize ziribge bukeye bgaho. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi segaba, igihe azotanga ikimazi avyigombeye, ar’ ikimazi co kwoswa cank’ ar’ ibimazi vy’ishimwe, abitanze k’Uhoraho avyigombeye, haze hagire ūmujishurira ikirimba kirābana n’i burasirazuba, atange ikimazi ciwe co kwoswa n’ibimazi vyiwe vy’ishimwe, nk’ukw asanzwe abikora ku musi w’isabato, aheze agende; amaze kugenda hagire ūjisha ico kirimba.
maz’ ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, az’ abe ari ho mujana ivyo mbagera vyose; ibimazi vyanyu vyo kwoswa, n’ ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ ivy’ indobanurwa vyo gushitsa amasezerano mwasezeraniye Uhoraho;