Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Iryo shikanwa ryiwe, n’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, az’ abitangane n’utundi dutsima twambiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 7:13
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ivyo mushobora kubinshikanira nk’ishikanwa ry’umushuzo, ariko ntibize bishirwe ku gicaniro kuba nk’umubabge umota neza.


Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.


Kandi hamwe n’iyo mitsima mushikane abana b’intama ndwi batagira agasembga, batarengeje umwaka, bo n’imasa y’umukangara, n’impfizi z’intama zibiri; bibe ikimazi coswa nshikaniwe jewe Uhoraho, bizananwe n’ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, n’iry’ ibiturire, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwambiro, umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose.


Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ