9 ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.
Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.
Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.
Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.
Uhoraho abarira Mose,
Ubabarire, ut’ Iki ni co kimazi co gutōngōrwa n’umuriro muzohora mumushikanira: muze mutange abana b’intama babiri‐babiri uko bukeye, b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga, kw ibimazi vyo kwoswa vy’intasība.
Kw isabato muze mutange abana b’intama babiri b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga, bo n’ibigiracumi bibiri vy’ifu igogōretse vy’ingero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu, hamwe n’ishikanwa ry’ibiturire rigendanye na vyo.