4 iy’ akoze ico caha, akumva kw atsinzwe, az’ arihe ico yambuye, cank’ ico yaronkeshejwe n’agahahazo, cank’ ico yabikijwe, cank’ icari cazimiye yatoye,
Maze Aburahamu ahishuka Abimeleki ku vy’iriba ry’amazi abantu ba Abimeleki bamunyaze ku manyama.
Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu.
Kuko yahahaje aboro, akabīrengagiza; Yinjiye urugo atubatse.
Har’ abashingūra akarimbi k’ urubibe, Bakanyaga imikuku ku manyama bakayīragirira.
Ivyo bājishe butangurirwa ntibizovamw’ imyambaro, kandi ntibazoshobora kwipfuka ibikorwa vyabo; ibikorwa vyabo n’ ibikorwa vy’ubugāba, ibikorwa vy’ umuryano biri mu maboko yabo.
akagunga impahazwa n’umukene, akanyaga ku gahahazo, akima ingwati nyeneyo, akunamurira amaso ibigirwamana, kand’ agakora ibizira,
Ariko se wiwe, kuko yahahaza cane, akanyaga mugenzi we ku gahahazo, agakora ibitaroranye mu bgoko bgabo, uyo ni we azopfa azize ibigabitanyo vyiwe.
atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;
uwo munyavyaha agasubiza ingwati nyeneyo, akagarukana ivyo yambuye, akagendera mu vyagezwe bihesha ubugingo, ntagire ivy’ ukugabitanya akora, n’ukuri azobaho, ntazopfa.
Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.
ūzokubita igitunzwe, akacica, az’ akirihe: igifise ubugingo kirihwe ikindi.
Ūzokwica igitunzwe akirihe; ūzokwica umuntu na we yicwe.
ivy’ iyo masa vyose iyo biva bikagera, abijane inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye, aho basēsa umunyota, abigereke ku nkwi, abiturire; ah’ umunyota usēswa abe ari ho bituririrwa.
Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.
Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.
Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo.
Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.
aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi.