3 cank’ akabona icazimiye, akakigunga, akakirahira ibinyoma; ni hagira ikintu na kimwe mur’ ivyo vyose umuntu azokora, agakora icaha ubgo buryo;
Ni hagira ūhūra n’inka y’ umwansi wiwe izimiye, cank’ indogoba yiwe, ntaz’ abure kuyimugarurira.
Kand’ uz’ ubajishire amabutura mu nyuzi zera derere, bayambare ngo bapfuke ubgambure bgabo; ave mu rukenyerero ashike mu bibero,
Ntukāgirize mugenzawe ata nyanduruko, Kandi ntugahendanishe iminwa yawe.
Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.
Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.
Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,
Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.
agikūrekw agatorero kaco n’amoya yaco, abiterere hambavu y’igicaniro ahahera i burasirazuba, ku gikuburiro c’umunyota.
Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare.
Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.
Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.
Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.