Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 6:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Umuherezi ahereje ico kimazi co gutangirwa ivyaha az’ abe ari we akirya: kize kirīwe ahantu hēra, ni ho mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 6:26
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Araheza ashirah’ urugo rukīkūza iryo hema n’igicaniro impande zose, ashiraho n’impuzu yo gukinga mw irembo ryarwo. Uko ni ko Mose yarangije ico gikorwa.


Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.


Arambarira, at’ Aha ni ho abaherezi bazoteka ibimazi vy’impongano n’ibimazi bitangirwa ivyaha, kandi ni ho bazokaranga amashikanwa y’amafu; kugira ngo boye kubijana mu ntangaro, bakavyezesha abantu.


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


Ibisigaye kuri vyo Aroni n’abana biwe babirye, babirye bitambiwe, babirīre ahantu hēra, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro abe ari ho babirīra.


Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano.


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kizoba ar’ icera cane.


Nk’uko bigenzwa ku kimazi gitangirwa ivyaha, ni ko bigenzwa no ku kimazi c’impongano: icagezwe cavyo ni kimwe: umuherezi ahereje iyo mpongano, ni we kizoba iciwe.


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ