Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 6:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uhoraho abarira Mose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 6:19
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

n’imitsima itambiwe, n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene tubēhūye, dusutswekw amavuta ya elayo, uyicumvye mw ifu y’ingano igogōretse.


Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.


Ehe rāba amaraso yaco kw atari yazanywe ahēra, nta cari kubabuza kukirya, ngo mukirīre ahantu hēra, nk’uko nageze.


Izinamuhungu wese wo muri bene Aroni yemererwa kubiryako; bibaye umwanya wabo w’intahava, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, wo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; ūzobikorako wese azoba abaye uwera, abe inyegu yavyo.


at’ Iri ni ryo shikanwa rya Aroni n’abana biwe, bakwiye kuzokwama banshikanira, uhereye ku musi Aroni azorobanuzwa amavuta: ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse, ngo kize kibe ishikanwa ry’ifu ry’ubudasība; igice cayo kize gishikanwe mu gitondo, ikindi ku mugoroba.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.


Ut’ Iryo shikanwa mumugereye rizobaharūrwako nk’ aho muritanze ku mihūre yo ku mbuga, canke ku mitobe ya vino yuzuye amato.


Ibi ni vyo bizoba ivyawe vyo mu vyera cane bitar’ ivyo kwosa ku muriro: ishikanwa ryabo ryose bazonshikanira, ar’iry’ amafu, ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha, ar’ impongano, bizoba ar’ ivyera cane, bibe ivyawe n’abana bawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ