Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Iki ni co cagezwe ku vy’ ishikanwa ry’amafu: bene Aroni baze barihereze bar’ aho nyene imbere yanje, imbere y’igicaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 6:14
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwe mu Balewi yitwa Matitiya, imfura ya Shalumu wo mu ba Kora, ni we yar’ ajejwe ivy’ udutsima dukarangwa.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane.


Umuriro uze wame waka ku gicaniro udahengeshanya, ntuz’ uzime.


Umuherezi aheze akamate urushi rumwe kur’ iyo fu igogōretse y’iryo shikanwa, no ku mavuta yo kuri yo, n’imibavu yose igeretse kur’ iryo shikanwa ry’ifu, avyosereze ku gicaniro kuba umubabge umota neza, bimbere icibutso caryo.


umuntu azanye ikimazi ciwe az’ anshikanire n’ ishikanwa ry’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo y’ikigirakane c’ingero yitwa hini.


Kandi ni yaba impfizi y’intama, muze muyitangane n’ ibigiracumi bibiri vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo y’ikigiragatatu c’iyo ngero ya hini;


nyene kuyitanga az’ ayitangane n’ibigiracumi bitatu vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo atīmbānye iyo ngero ya hini,


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ