Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 6:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Umuriro uze wame waka ku gicaniro udahengeshanya, ntuz’ uzime.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 6:13
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uku abe ari k’uzobagenza mu kubarobanura, ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Wābīre imasa y’umukangara n’impfizi z’intama zibiri zitagira agasembga,


n’imitsima itambiwe, n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene tubēhūye, dusutswekw amavuta ya elayo, uyicumvye mw ifu y’ingano igogōretse.


Umwagazi wa mbere uz’ uwutangane n’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta avuye muri elayo zisekuwe y’ikigira kane c’ ingero yitwa hini, utange n’ikigira kane ca hini nyene ya vino, ribe ishikanwa ry’ibiturire.


Igitandara cabo kizokūrwaho no gucika ivutu, kand’ abaganwa babo bazokwihebeshwa n’ibendera, ni k’Uhoraho agize, afise umuriro wiwe i Siyoni, akagira itanure ryiwe i Yerusalemu.


Kand’ icumba kirābana n’i burārūko n’ic’ abaherezi bājejwe igicaniro: ari bo bene Sadoki, ni bo bo mu ruvyaro rwa Lewi bēgēra Uhoraho ngo bamukorere.


Nuk’ umuriro wo ku gicaniro uze wame waka, ntuzime; umuherezi aze yame awucana, awurundekw inkwi uko bukeye, aheze azigerekekw ivy’ ikimazi co kwoswa, acoserezekw ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.


Iki ni co cagezwe ku vy’ ishikanwa ry’amafu: bene Aroni baze barihereze bar’ aho nyene imbere yanje, imbere y’igicaniro.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.


Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ