11 Maze yambure iyo myambaro yiwe, yambare iyindi, aheze aje gusēsa uyo munyota inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye.
Uz’ umare imisi ndwi utangira impongano ico gicaniro, uceze; maze kizoba icera cane; ikizogikorako cose kizoba kibaye icera, kibe inyegu yaco.
Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.
Kand’ ivya ya masa y’ikimazi catangiwe ivyaha, n’ivya ya mpene y’ikimazi catangiwe ivyaha nyene, bimwe amaraso yavyo yinjijwe Ahēra kuba impongano, babiterure, babijane inyuma y’aho mushagaje, baturire insāto zavyo, n’inyama zavyo, n’amayezi yavyo;
Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.
ivy’ iyo masa vyose iyo biva bikagera, abijane inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye, aho basēsa umunyota, abigereke ku nkwi, abiturire; ah’ umunyota usēswa abe ari ho bituririrwa.
Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.
Maz’ umuherezi yambare wa mwambaro wiwe wera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; aheze ayore umunyota w’ ikimazi coshejwe, ic’ umuriro watōngōreye ku gicaniro, awufashe i ruhande y’igicaniro.
Nuk’ umuriro wo ku gicaniro uze wame waka, ntuzime; umuherezi aze yame awucana, awurundekw inkwi uko bukeye, aheze azigerekekw ivy’ ikimazi co kwoswa, acoserezekw ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.
at’ Iri ni ryo shikanwa rya Aroni n’abana biwe, bakwiye kuzokwama banshikanira, uhereye ku musi Aroni azorobanuzwa amavuta: ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse, ngo kize kibe ishikanwa ry’ifu ry’ubudasība; igice cayo kize gishikanwe mu gitondo, ikindi ku mugoroba.
Umuherezi wo mu bana biwe azorobanuzwa amavuta, amusubiriye mu gishingo, aze yame anshikanira iryo shikanwa, bibe icagezwe c’intahava: ryose rize rishe ritōngōke.
Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane.