1 Uhoraho abarira Mose,
Ntukibe.
Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.
Umuntu ni yabītsa mugenzi we amahera cank’ ibindi bintu, bikībirwa i we, uwavyivye ni yaboneka az’ arihe ibingana na vyo kabiri.
Uwo mugabo azane ikimazi ciwe c’impongano, akinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro; ico kimazi kibe impfizi y’intama.
Ico kizoba ar’ ikimazi c’impongano: n’ukuri koko, azoba yaratsinzwe imbere yanje.
ati Ni hagira umuntu akora icaha, akancumurako, jewe Uhoraho, akagunga mugenzi we mu vyo yamubikije, canke ku ngwati yamugwatirije, canke mu vyo yambuye, cank’ akanyaga mugenzi we ku gahahazo,
Uwo muri bene Aroni azohereza amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe, az’ abe ari we ahabga igikenye c’ukuguru kw’i buryo kuba umwanya wiwe.
Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.